Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 6:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Ariko ndababwire mwebwe munyumva: Nimukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Ariko mwebge mwumva ndababgire: Mukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 6:27
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yongera kubabwira ati: “Mushire imitima cane ku vyo mwumva! Kuko uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa, mbere kuri mwebwe bizorushiriza.


Maze Yesu aravuga ati: “Data, bababarire, kuko ntibazi ico bariko barakora.” Maze bagabura impuzu za Yesu hakoreshejwe ubufindo.


Muzoba muhiriwe abantu nibabanka, bakabakumira, bakabatuka, bakabavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, babahora Umwana w’Umuntu.


Ariko, mukunde abansi banyu, mubagirire neza. Mubagurane mutiteze ko babasubiza, ni ho impera yanyu izoba nini mw’ijuru. Aho muzoba mwerekanye vy’ukuri ko muri abana b’Iyisumbavyose, kuko igirira neza intashima n’abanyakibi.


Ariko hari n’abandi bameze nk’ivu ryiza. Abo ni abakirana ijambo ry’Imana umutima mwiza utagira uburyarya, kandi bakarigumya; maze kubera ukwihangana, bakama ivyamwa vyinshi.


Nuko rero mwiyubare ku vyo mwumva. Uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike na we azokwakwa n’ivyo yibaza ko afise.”


Ariko hari izaguye mw’ivu ryiza, zirakura kandi zirama, zimbuka incuro ijana.” Ahejeje kubacira uwo mugani, yongerako ati: “Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.”


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


Ariko Pawulo arasemerera ati: “Reka ntugire ico wigira, twese turi hano.”


Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.


None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.


Mwirinde ntihagire uwusubiza inabi mugenziwe, ariko mugiriranire ubugwaneza muri mwebwe no ku bandi.


Mugenzi nkunda, ntukigane ibibi, ariko wigane ivyiza. Umuntu wese akora ivyiza ava ku Mana. Umuntu wese akora ibibi ntarabona Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ