24 Ariko muragowe mwebwe abatunzi, kuko mumaze kuronka indemesho yanyu.
24 Ariko muzobona ibara, mwebge abatunzi; kuko muhejeje gutunganirwa.
Iyo mwisonzesheje, ntimwerekane ko mubabaye nk’uko za ndyarya zibigira: kuko baca bijirirwa mu maso kugira ngo abababona bose babashimire ukwisonzesha kwabo. Ndababwire ukuri: iyo ni yo mpera yonyene bazoronka.
Nihagira ico uha umukene, ntuze uvuze inzamba nk’uko indyarya zibikora mu masinagogi no ku mabarabara barondera gushimwa n’abantu. Ndababwire ukuri; abo baramaze guhabwa impera zabo zose.
Kandi, iyo musenga, ntimumere nka za ndyarya kuko zikunda gusenga zihagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, kugira ngo abantu bose bababone. Ndababwire ukuri, abo baramaze guhabwa impera zabo zose.
Muragowe mwebwe muhaze muri kino gihe, kuko muzosonza. Muragowe mwebwe mutwenga muri kino gihe, kuko muzobabara muboroge.
Wigishe abafise ubutunzi bw’iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo tubinezerererwe.
Ariko mwebwe mutetereza umukene! Mbega si abatunzi babacuranguza bongera babashengeza mu bucamanza?