Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 6:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ariko ba Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe barashavura cane, batangura kuja inama babazanya bati: “Yesu tumugire dute?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y’ico bogira Yesu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 6:11
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze abigishwa bavugana hagati yabo bati: “Ivyo abivuze kubera tutazanye imikate.”


Abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo bumvise iyo migani ya Yesu, bamenya ko ari bo yariko aravuga.


Abari mw’isinagogi bavyumvise, bose baterwa n’ishavu.


Nuko Yesu arabitegereza bose, maze abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe!” Akugoroye, guca kurakira.


Umusi umwe Yesu aduga ku musozi, akesha ijoro ryose asenga Imana.


Nuko abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo baca bakoranya inama nkuru y’abatwara ubwoko bw’Abayuda. Barabazanya bati: “Dukore iki? Uwu mugabo ariko akora ibitangaza vyinshi.


Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu ntara ya Galilaya. Ntiyashaka kugenda mu ntara ya Yudaya kuko abakuru b’Abayuda baho bariko barondera ingene bomwica.


Kenshi nava mw’isinagogi nja mu yindi nkabakubitisha, nkabategeka gutuka izina rya Yesu. Muri iryo pfuhe nyeneryo kubagwanya, nashitse no mu bisagara vyo mu mahanga kubahamirayo.


Nuko barabataramura, batangura kuvugana hagati yabo.


Ariko Petero na Yohana barabishura bati: “Mbega mubona ko ikibereye imbere y’Imana, ari ukwubaha mwebwe gusumba kuyubaha?


Bavyumvise barashangashirwa, bagomba kubicisha.


Bavyumvise, barashangashirwa, bamuhekenyera imisaya.


Ariko nta ho bazoshika kuko ubupfu bwabo umusi umwe buzomenyekana nk’uko vyagenze kuri Yane na Yambure.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ