Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 5:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwiyumvira bati: “Mbega uwu ni nde ko yigize Imana! Ukwo ni ukuyituka. Imana yonyene ni yo ishobora guharira ivyaha.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo batangura kwibūranya, bat’ Uyo ni nde arogose? Ni nde ashobora guharira ivyaha atar’ Imana yonyene?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 5:21
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze umuherezi mukuru yitaburirako impuzu ziwe, avuga ati: “Aratutse Imana! None hari ibindi vyabona dukeneye? Ubu na ho ntimwiyumviye ingene atutse Imana?


Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe baravugana bati: “Uwo mugabo atutse Imana!”


Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye, mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu.’ Kuko ndababwira ko, no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.


Umusi umwe Yesu yariko arigisha, kandi bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bari ngaho; bari baje bava mu bisagara bitandukanye vy’i Galilaya, i Yudaya n’i Yerusalemu; kandi ububasha bw’Umwami Imana bwo gukiza ingwara bwari kuri Yesu.


Yesu aca aramenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu?


Abandi batumire baca batangura kubazanya bati: “Mbega uwu ni nde, aho yubahuka kuvuga ko aharira abantu ivyaha?”


Baramwishura bati: “Ntitugomba kugutera amabuye kubera igikorwa ciza, ahubwo tuguhora gutuka Imana; kuko uri umuntu asanzwe, ariko ukigira Imana!”


Ni nde azorega abo Imana yatoranije? Nta n’umwe, kuko Imana ni yo ibahindura abagororotsi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ