44 Nuko abandanya yigisha mu masinagogi y’i Yudaya.
44 Nukw avugira ijambo ry’Imana mu masinagogi y’i Galilaya.
Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.
Nuko agendagenda mu ntara ya Galilaya yose, avuga Ubutumwa Bwiza mu masinagogi, yirukana n’abadayimoni.
Yama yigisha mu masinagogi kandi agashimwa n’abantu bose.
Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana.