Hanyuma Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose yigisha mu masinagogi yabo, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza ubumuga bwose n’ingwara zose.
Abantu bose baratangara, barabazanya bati: “Mbega ibi ni ibiki? Ni inyigisho nshasha kandi zirimwo ububasha! N’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira!”
Aho guhora, wa muntu aca aragenda atangura kuvuga no gukwiragiza iyo nkuru. Ivyo vyatumye Yesu adasubira kuja mu gisagara ku mugaragaro ahubwo aca aguma hanze kure yaco ahantu hihishije. Ariko na ho nyene abantu barahamusanga bavuye mu mihingo myinshi.