Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 3:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Igihe Yesu yatangura igikorwa ciwe yari amaze hafi imyaka mirongo itatu. Abantu benshi bibaza ko Yesu ari mwene Yosefu, Yosefu mwene Heli,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Aho Yesu yatangura kwigisha, yar’ amaze imyaka nka mirongwitatu avutse, kandi biyumvira ko yari mwene Yosefu, Yosefu mwene Heli,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 3:23
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uru ni urukurikirane rwa ba sekuruza ba Yesu ari we Kristo, yakomotse kuri Dawidi wo mu ruvyaro rwa Aburahamu:


hanyuma Yakobo avyara Yosefu, umugabo wa Mariya, nyina wa Yesu ari we Kristo.


hanyuma Isayi avyara umwami Dawidi. Dawidi na we yavyaye Salomo, amuvyara kuri Batisheba yahora ari muka Uriya,


Mbega uwu si wa muhungu w’umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya; abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Simoni na Yuda?


Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”


Mbega uwu si wa mubaji, nyina si Mariya, abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Yuda na Simoni? Bashiki biwe si ababanyi bacu?” Maze ivyo birabatsitaza, bituma batamwizera.


Abavyeyi biwe bamubonye baratangara cane. Nyina aramubaza ati: “Mwana wanje, ibi watugiriye ni ibiki? Twe na so tumaze imisi duhagaritse imitima cane tukurondera.”


Eliyakimu mwene Meleya, Meleya mwene Mena, Mena mwene Matata, Matata mwene Natani, Natani mwene Dawidi,


Bose baramushima, batangazwa n’amajambo arimwo ubuntu bw’Imana yava mu kanwa kiwe, babazanya bati: “Mbega uwu si wa muhungu wa Yosefu?”


Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”


Baravuga bati: “Mbega uwu si Yesu mwene Yosefu? Se na nyina ntitubazi? None ni gute avuga ngo: ‘Namanutse mva mw’ijuru’?”


Yewe Teyofilo, mu gitabu ca mbere nanditse, navuze ivyo Yesu yakoze n’ivyo yigishije vyose kuva mu ntango y’igikorwa ciwe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ