Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 24:39 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Ehe nimurabe ibiganza n’ibirenge vyanje. Ni jewe nyene. Nimunkoreko maze mumenye ko ntari umuzimu, kuko umuzimu utagira inyama n’amagufa nk’ivyo mumbonana.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Ni murābe ibiganza vyanje n’ibirenge vyanje, mumenye kw ari jewe ubganje: ni munkorakore, murābe, kuk’ umuzimu utagira inyama n’amagufa, nk’ivyo mumbonana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 24:39
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Data, mu biganza vyawe ni ho nshize impwemu yanje.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.


Yesu arababaza ati: “Ni kuki mufise ubwoba no gukekeranya mu mitima yanyu?


Ahejeje kuvuga ivyo, abereka ibiganza n’ibirenge vyiwe.


Ahejeje kuvuga ivyo, abereka ibiganza n’urubavu vyiwe. Abigishwa baranezerwa cane babonye Umwami.


Abandi bigishwa baramubwira bati: “Twabonye Umwami!” Ariko arababwira ati: “Ivyo sinshobora kuvyemera ntiboneye inkovu z’imisumari mu biganza, nkazikozako urutoke rwanje, ngashira n’ikiganza canje mu nkovu yo mu rubavu rwiwe.”


Maze abwira Toma ati: “Koza urutoke rwawe hano, urabe ibiganza vyanje. Gorora ukuboko kwawe ukore mu rubavu rwanje. Reka gukekeranya niwizere.”


Inyuma y’urupfu rwiwe, yamaze imisi mirongo ine aza ariyereka izo ntumwa, azereka n’ibemenyetso bigaragara vyemeza ko ari muzima, yongera ababwira ivy’Ubwami bw’Imana.


Imana yo nyene, yo Mana y’amahoro, ibandanye ibeza; kandi impwemu, imishaha n’imibiri vyanyu bizosangwe bitagira agasembwa ku musi w’ukuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo.


Nimba ba data bo kw’isi baraduhana tukabubaha, dukwiye kurushiriza kugamburukira Data w’impwemu, kugira ngo tubeho.


Ico tubabwira ni Jambo w’ubugingo yamyeho kuva mu ntango; uwo twumvise tukamubona n’amaso yacu, uwo twihweje kandi twakozeko n’iminwe yacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ