Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 24:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Mbega Kristo ntiyategerezwa kubabazwa gutyo imbere y’uko yinjira mu bwiza bwiwe?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Mbega Kristo ntiyar’ akwiye kubabazwa artyo ngw abone kuja mu bgiza bgiwe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 24:26
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Arababwira ati: “Handitswe ngo ‘Kristo azobabazwa, apfe, hanyuma azuke mu bapfuye ku musi ugira gatatu,


ati: ‘Umwana w’Umuntu azotabwa mu maboko y’abanyavyaha, bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu azozuka mu bapfuye.’  ”


Amaze kuzuka, abigishwa biwe baciye bibuka ko ivyo yari yarabivuze, baca bizera Ivyanditswe n’amajambo Yesu yari yaravuze.


(Gushika ico gihe abigishwa ntibari bwatahure Ivyanditswe bivuga ko Yesu yategerezwa kuzuka mu bapfuye.)


abasigurira yongera abereka ko Kristo yategerezwa kubabazwa no kuzuka mu bapfuye. Akababwira ati: “Uwu Yesu ndiko ndababwira, ni we Kristo.”


Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.


Mpwemu wa Kristo yari muri bo yaguma avuga ivyerekeye imibabaro ya Kristo n’ubwiza buzoyiherukira bitaraba; na bo bagashaka kumenya igihe ivyo bizoshikira n’uko bizogenda.


Amashimwe yose abe ay’Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, kuko ku bw’imbabazi zayo nyinshi, yaduhaye kuvuka ubwa kabiri, mu kuzura Yesu Kristo mu bapfuye. Ubu dufise ivyizigiro bizima


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ