Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 24:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Na we arababaza ati: “Ni ibiki vyabaye?” Baramwishura bati: “Ni ivya Yesu w’i Nazareti. Yari umuvugishwa n’Imana, yuzuye ubushobozi mu vyo yavuga no mu vyo yakora, imbere y’Imana n’imbere y’abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Arababaza, ati N’ibiki? Baramwishura, bati N’ivya Yesu Umunyanazareti, yar’ umuntu avugishwa n’Imana, akaba umunyabushobozi bginshi mu vyo yakora no mu vyo yavuga, imbere y’Imana n’imbere y’abantu bose:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 24:19
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abandi bakishura bati: “Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya.”


“Yesu w’i Nazareti, uturonderako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”


Umwe muri bo yitwa Kirewofasi aca amubaza ati: “Ni wewe wenyene waje i Yerusalemu utamenye ivyahabereye muri iyi misi?”


Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: “Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo.”


Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”


Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, ndabona ko uri uwuvugishwa n’Imana.


Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi.”


Na bo baramwishura bati: “Mbega nawe uva i Galilaya? Urasoma neza Ivyanditswe uzobona ko ata wuvugishwa n’Imana ava i Galilaya!” [


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi.


Nuko Mose yigishwa ubwenge bwose bw’Abanyegiputa, kandi aba uwuhambaye mu mvugo no mu ngiro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ