16 Ariko amaso yabo anyegezwa uwo ari we, ntibamumenya.
16 Arikw amaso yabo atabgamw’ uruhuni ngo ntibamumenye.
Inyuma y’aho Yesu arongera yiyereka, mu bundi buryo, babiri bo muri bo bariko baja mu gihugu hagati.
Bakiriko baraganira bahanahana ivyiyumviro, Yesu aca arabegera ajana na bo.
Yesu arababaza ati: “Ivyo mugenda muraganira ni ibiki?” Nuko baca barahagarara, bijiriwe cane.
Amaso yabo aca aruguruka, baramumenya, ariko aca arakamangana, ntibasubira kumubona.
Ahejeje kuvuga ivyo, arahindukira abona Yesu ahagaze hafi yiwe, ariko ntiyamumenya.
Kare mu gitondo, Yesu ahagarara ku nkengera y’ikiyaga, ariko ba bigishwa ntibashobora kumenya uwo ari we.