6 Pilato avyumvise aca abaza ati: “Uwu muntu ava i Galilaya?”
6 Pilato avyumvise, abaza yuk’ uwo muntu ar’ Umunyagalilaya.
Ico gihe, Petero yari yicaye hanze mu rugo. Maze umwigeme yakora ngaho, aramwegera avuga ati: “Na wewe wari kumwe na Yesu w’i Galilaya.”
Bamwe mu bari ngaho baca babwira Yesu inkuru y’abantu b’i Galilaya Pilato yishe akavanga amaraso yabo n’ay’ibimazi bariko baratanga.
Ariko barushiriza kuvuga bati: “Agumura abantu i Yudaya hose biciye mu nyigisho ziwe. Yatanguriye i Galilaya none raba ashitse n’ino i Yerusalemu.”
Yumvise ko Yesu atwarwa mu ntara ya Herode Antipa, aca aramumurungikira, kandi ico gihe Herode yari i Yerusalemu.
Inyuma yaho, Yuda Umunyagalilaya yaje mu misi y’urusansuma, arongoye umugwi w’abantu batera umudurumbanyo. Na we nyene yarishwe, abamukurikira barasanzara.