Hanyuma akimanura ku musaraba, akizingira mu gitambara cera, aca agishira mu mva nshasha yimbwe mu gitandara, itari bwigere ihambwamwo umuntu na rimwe.
Kubera ko wari umusi wo kwitegurira Isabato idasanzwe, kuko bwaca ari Pasika; abakuru b’Abayuda ntibashaka ko abantu baguma bamanitse ku misaraba ku musi w’Isabato. Ni co catumye basaba Pilato ko babavuna amaguru, bakururutsa ibiziga vyabo.