52 Nuko aja kwa Pilato, amusaba ikiziga ca Yesu.
52 Uyo aja kuri Pilato, asaba ikiziga ca Yesu.
Ntiyari ashigikiye abandi mu ngingo zose bafashe n’ivyo bakoze. Yava mu gisagara c’Abayuda citwa Arimataya, kandi yari yiteze ukuza kw’Ubwami bw’Imana.
Hanyuma akimanura ku musaraba, akizingira mu gitambara cera, aca agishira mu mva nshasha yimbwe mu gitandara, itari bwigere ihambwamwo umuntu na rimwe.