Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 23:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Pilato aca abarira abakuru b’abaherezi n’isinzi ry’abantu bari aho bose ati: “Uwu muntu simbona ikimwagira.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Pilato abgira abaherezi bakuru n’ishengero, ati Nta caha mbona kur’ uyu muntu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 23:4
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Pilato acicaye aho acira imanza, umugore wiwe amurungikira ubutumwa buvuga ngo: “Ntihagire ikintu na kimwe ugira uwo mugororotsi, kuko naraye mbabajwe cane mu ndoto kubera we.”


Pilato arababaza ati: “Kubera iki? Ni ikihe caha yakoze?” Ahubwo barushiriza gusemerera bati: “Nabambwe!”


Yongera kubabaza ubwa gatatu ati: “None ni ikihe caha yakoze? Nta kintu na kimwe nabonye yakoze cotuma yicwa. Ariko ndamutanga bamutonagure gusa, hanyuma ndamurekure.”


Pilato aramubaza ati: “Ukuri ni iki?” Ahejeje kuvuga ivyo, aca arasohoka aja aho Abayuda bari bakoraniye, ababwira ati: “Nta kintu na kimwe kimwagira.


Ariko jewe nasanze ata kintu na kimwe yakoze cotuma yicwa, ariko kubera yamaze gusaba kwungururizwa kwa Kayisari, nahisemwo kuzomurungika i Roma.


Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ishimagije umusavyi wayo Yesu, uwo mwatanze ngo yicwe, mukamwihakana imbere ya Pilato, naho we yari yahisemwo kumurekura.


Uwo ni we Muherezi Mukuru twari dukwiye kuronka kuko ni uwera, ntagira agasembwa kandi ntiyandujwe n’icaha. Yatandukanijwe n’abanyavyaha, maze Imana imushira mu kibanza co mw’ijuru kirusha ibindi icubahiro.


ahubwo ni amaraso y’igiciro kinini ya Kristo, Umwagazi w’intama w’Imana utagira icaha canke umugayo.


“Ntiyigeze acumura na rimwe, kandi ntiyigeze abesha umuntu n’umwe.”


Kuko na Kristo yababarijwe ivyaha vyacu rimwe gusa, uwutagira icaha apfira abanyavyaha, kugira ngo abahuze n’Imana. Mu mubiri yarishwe, ariko Mpwemu Yera amusubiza ubugingo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ