36 N’abasoda baraza baramushinyagurira, bamuha inkarisha kugira ngo anywe,
36 N’abasoda baramucurīra, baramwēgēra, bamuha inkarisha,
Abasoda bamuha umuvinyu w’inkarisha, ariko amaze kuwumviriza, yanka kuwunywa.
Ubwo nyene, umwe muri bo ariruka afata ipampa, arijobeka mu nkarisha, arishira kw’irenga ngo ayimunyweshe.
Umwe ariruka afata ipampa arijobeka mu nkarisha, arishira kw’irenga, aca arariduza ku munwa wa Yesu kugira ngo amunyweshe, aravuga ati: “Reka turabe ko Eliya aza kumwururutsa amukure ku musaraba.”
Herode n’abasoda biwe baca batangura kumushinyagurira no kumucokora. Baca bamwambika impuzu y’ubwami, baramurungika asubira kwa Pilato.