Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 23:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Nuko aca arekura wa mugabo yari apfunzwe yagirizwa imigumuko n’ubwicanyi, uwo bari basavye ko yobarekurira, hanyuma abaha Yesu ngo bamukoze ico bashaka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Arekura uwashizwe mw ibohero bamuhōye ubugarariji n’ubgicanyi, uwo basavye; maz’ atanga Yesu ngw agirwe uko bagomba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 23:25
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Pilato aca arekura Baraba. Atanga itegeko ko bashishagura Yesu, hanyuma aramutanga kugira ngo bamubambe.


Mu ntumbero yo kunezereza abantu benshi bari aho, Pilato arekura Baraba. Atanga itegeko ko bashishagura Yesu, hanyuma aramutanga kugira ngo bamubambe.


batangura kumurega bavuga bati: “Uwu muntu twasanze ariko aragumura abantu bo mu bwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, kandi yigira Kristo, umwami.”


Abasoda batwaye Yesu kumubamba bafata Simoni w’i Kurene, yari avuye mu mirima, baca bamukorera umusaraba, agendera inyuma ya Yesu.


Ariko barushiriza kuvuga bati: “Agumura abantu i Yudaya hose biciye mu nyigisho ziwe. Yatanguriye i Galilaya none raba ashitse n’ino i Yerusalemu.”


Barasemerera bati: “Oya, si we dushaka! Turekurire Baraba!” Uwo Baraba yari umugumutsi.


Pilato aca atanga Yesu kugira ngo bamubambe. Nuko baramufata baramujana.


Mwihakanye Uwera, Umugororotsi, musaba ko barekura umwicanyi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ