24 aca abemerera ico bamusavye.
24 Nuko Pilato aca urubanza nk’uko bamusavye.
Pilato aca arekura Baraba. Atanga itegeko ko bashishagura Yesu, hanyuma aramutanga kugira ngo bamubambe.
Mu ntumbero yo kunezereza abantu benshi bari aho, Pilato arekura Baraba. Atanga itegeko ko bashishagura Yesu, hanyuma aramutanga kugira ngo bamubambe.
Noneho baca bashira urwamo hejuru basaba ko Yesu abambwa, gushika aho Pilato arengerwa,
Nuko aca arekura wa mugabo yari apfunzwe yagirizwa imigumuko n’ubwicanyi, uwo bari basavye ko yobarekurira, hanyuma abaha Yesu ngo bamukoze ico bashaka.
Nuko Pilato afata Yesu ategeka ko bamutonagura.