Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 23:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 ababwira ati: “Mwanzaniye uwu muntu muvuga ko yateye imigumuko, ariko namusambishirije imbere yanyu, nta caha camwagiriye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 arababgira, ati Mwanzaniye uyu muntu ngw agomesha abantu; none jewe namucunagurije imbere yanyu, nta caha mbona kuri we ku vyo mwamureze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 23:14
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Pilato acicaye aho acira imanza, umugore wiwe amurungikira ubutumwa buvuga ngo: “Ntihagire ikintu na kimwe ugira uwo mugororotsi, kuko naraye mbabajwe cane mu ndoto kubera we.”


Pilato abonye ko ata co ariko arashikako, ahubwo ko umuvurungano ukomeza kwiyongera, afata amazi, akarabira imbere y’abantu, avuga ati: “Jewe ndera, amaraso y’uwu muntu, ari kuri mwebwe!”


ababwira ati: “Nacumuye kuko nagurishije umuntu atagira icaha.” Baramwishura bati: “Ivyo ntibituraba, ni ingorane yawe!”


Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Naho atacamwagira cari gutuma bamucira urwo gupfa, basavye Pilato kumwicisha.


Abantu b’i Beroya bari bugurutse kurusha ab’i Tesalonike, kuko bakiriye Ubutumwa Bwiza n’ishaka ryinshi, bakama basesangura Ivyanditswe ku musi ku musi, kugira ngo barabe ko ivyo Pawulo abigisha ari ivy’ukuri.


Uwo ni we Muherezi Mukuru twari dukwiye kuronka kuko ni uwera, ntagira agasembwa kandi ntiyandujwe n’icaha. Yatandukanijwe n’abanyavyaha, maze Imana imushira mu kibanza co mw’ijuru kirusha ibindi icubahiro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ