Abantu isinzi bari aho babiraba; abakuru b’Abayuda na bo bamucokora, bavuga bati: “Yakijije abandi, niyikize na we turabe, ko yigira ngo ni Kristo, Uwatoranijwe n’Imana.”
Ariko rero benshi baramwizeye, harimwo na bamwe mu bakuru b’Abayuda. Ariko ntibavyemera ku mugaragaro kubera gutinya ko Abafarisayo babirukana mw’isinagogi;
Ababa i Yerusalemu n’abatware babo ntibamenye Yesu, ariko baramutsindishije, baba bashikije amajambo y’abavugishwa n’Imana yama asomwa ku musi w’Isabato.