Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 22:70 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

70 Bose baramubaza bati: “Ugomvye kuvuga rero ko uri Umwana w’Imana?” Na we arishura ati: “Muvuze ukuri, ndi we.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

70 Bose baramubaza, bati None rer’ ur’ Umwana w’Imana? Arabishura, ati Murarivuze ko ndi we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 22:70
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yuda, yari yateguye kumugurisha na we nyene avuga ati: “None yoba ari jewe ga Mwigisha?” Yesu aramwishura ati: “Na we urabizi.”


Yesu aramwishura ati: “Uko uvuze ni ko biri. Kandi muri kazoza, muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi aza ari ku bicu vyo kw’ijuru.”


Nuko Yesu arengutswa imbere ya Pilato, umutware w’Umuroma, na we aramubaza ati: “Uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”


Yizigiye Imana, rero Imana nimba imukunda nimutabare kuko yavuze ati: “Ndi Umwana w’Imana.”


Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Hanyuma ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda, akampimbara.”


Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”


Yesu arishura ati: “Ndi we! Kandi muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi aza ari ku bicu vyo kw’ijuru.”


Pilato aramubaza ati: “Woba uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”


Baca bavuga bati: “None hari ibindi vyabona dukeneye? Ntituvyiyumviye bimwiviriye mu kanwa?”


Pilato aca abaza Yesu ati: “Woba uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri.”


N’impwemu mbi ziva mu bantu benshi, zisemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!” Ariko arazikankamira, ntiyazemerera gusubira kuvuga, kuko zari zamenye ko ari Kristo.


Ivyo narabibonye, ni co gituma nshinga intahe ko uwo ari Umwana w’Imana.”


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


none vyocura iki ku wo Data yatoranije nk’uwiwe bwite hanyuma akamurungika kw’isi? Ni kuki munyagiriza ko ntutse Imana, mvuze nti: ‘Ndi Umwana w’Imana’?


Pilato aramubwira ati: “Urumva rero uri Umwami!” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi Umwami. Icatumye mvuka nkaza kw’isi kwari ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Umuntu wese akunda ukuri aranyumviriza.”


Abakuru b’Abayuda baramwishura bati: “Dukurikije ivyagezwe vyacu, akwiye gupfa kuko yiyise Umwana w’Imana.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ