Yesu ahejeje kuvuga ayo majambo, umwe mu barinzi bari bahagaze hafi yiwe amukubita urushi mu maso, aramubaza ati: “Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?”
Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.