57 Ariko arabihakana, abwira uwo mugore ati: “Haba na mba, sindanamuzi!”
57 Na we arabihakana, at’ Eka nyina wanje, sindanamuzi.
Ariko umuntu wese azonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere ya Data wo mw’ijuru.
Ariko Petero, arabihakana imbere yabo ati: “Sinzi n’ivyo muriko muravuga.”
Ariko uwuzonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere y’abamarayika b’Imana.
Maze incoreke imwe iramubona ariko arota. Iramwihweza, ica ivuga iti: “Uwu mugabo yari kumwe na Yesu.”
Haciye akanya, uwundi muntu aramubona, avuga ati: “Na wewe uri umwe muri bo.” Petero yishura uwo muntu ati: “Eka sindi kumwe na bo.”
Ico gihe, Simoni Petero yari agihagaze ha handi yota umuriro. Nuko baramubaza bati: “Wewe utegerezwa kuba uri umwe mu bigishwa biwe!” Na we arabihakana ati: “Sindi we.”
Petero yongera kubihakana, maze uwo mwanya nyene isake ica irabika.
Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone kuza, bivuye imbere y’Umwami Imana,
Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.