43 Maze umumarayika aramwiyereka avuye mw’ijuru, amwongera inkomezi.
43 Umumarayika aramwiyereka, avuye mw ijuru, amuha intege.
Wibaza ko ntari gushobora gusaba Data ubwo nyene akandungikira ingabo zirenga legiyono cumi na zibiri z’abamarayika bo kungwanira?
Kuva ako kanya Satani aca aramureka, maze abamarayika baraza baramukorera.
amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, niwikororere hasi, kuko handitswe ngo: ‘Azotegeka abamarayika biwe bakuzigame. Bazokurerura mu maboko yabo kugira ngo ntutsitare kw’ibuye.’”
Ariko, wewe nagusengeye kugira ngo ntutakaze ukwizera, kandi niwamara kwihana ukangarukako uze ukomeze bene So.”
binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”
Amaze igihe gito muri Antiyokiya, avayo agendera ahantu hatandukanye mu ntara za Galatiya na Furugiya, akomeza abizera bose.
Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.
Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?
Kandi igihe Imana yazana Umwana wayo w’imfura mw’isi, yavuze iti: “Abamarayika bose b’Imana nibamusenge.”
Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.