Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 22:36 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Aca arababwira ati: “Ubu rero uwufise amahera mu mufuko nayibangikanye, uwufise isakoshi ayitore, kandi n’uwudafise inkota agurishe umutamana wiwe ayigure.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Arababgira, at’ Ariko noneho, ūfise umupfuko w’amahera awujane, n’ūfise isaho ayijane; kand’ ūdafise inkota, ashōre impuzu yiwe ayigure.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 22:36
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntimwiremereze amasakoshi y’impuzu canke ibirato vyo gukuranya; mbere ntimwitwaze n’inkoni yo kwishimikiza. Kandi, ntimwanke guhabwa indaro, kuko umukozi wese aberwa n’impembo.


Yesu aca arababaza ati: “Igihe nabarungika ata saho, ata mufuko canke ibirato, hari ico mwakenye?” Baramwishura bati: “Nta na kimwe.”


Ndababwire, iri jambo ryavugishijwe kuri jewe ngo: ‘Yafashwe nk’umwe mu bagarariji,’ ritegerezwa gushika. Ni ukuri, ivyanditswe kuri jewe bigira bishike.”


Abigishwa biwe baramubwira bati: “Mwami, ehe turafise inkota zibiri.” Arabishura ati: “Izo ziramaze.”


Mwibuke ivyo nababwiye: ‘Umukozi ntaruta shebuja.’ Nimba barampamye, namwe bazobahama. Nimba barakurikije inyigisho zanje, bazokurikiza n’izanyu.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


N’igihe twari kumwe namwe, twamye tubaburira ko dushobora guhamwa, kandi vyabaye ukwo nyene nk’uko na mwebwe mubizi neza.


Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ