29 Nanje ndabahaye Ubwami, nk’uko Data yabumpaye nanje,
29 Nanje mbabīkiye ubgami, nk’uko Data yabumbīkiye,
Ndababwire ukuri, azoshika amuzeza ivyo atunze vyose.
Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’
Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.
Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.
Harahiriwe abahamwa bahorwa ukugororoka, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
“Harahiriwe abumva ko bakenye mu buryo bw’impwemu, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami.
Aca amubwira ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza. Ko wabaye umwizigirwa muri bike, ndaguhaye kuganza ibisagara cumi.’
Abaja mw’ihiganwa bose bagira imyiteguro ikomeye. Bayigira kugira bazoronke impera ihera, ariko twebwe tugira imyiteguro kugira tuzoronke impera ihoraho.
Ivyizigiro vyacu ku bwanyu birahamye, kuko turazi ko mufatanya natwe mu mibabaro yacu, kandi ko muzokwiruranwa natwe.
Nitwihangana, tuzoganzanya na we. Nitwamwihakana, na we azotwihakana.
Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?
Kandi aho Umwungere Mukuru azoserukira, muzohabwa igitsibo c’ubwiza kitazokwigera gitakaza ubwiza.
Uruzitiro rw’ico gisagara rwari rwubakiye ku mabuye cumi n’abiri y’urufatiro, ari zo ntumwa z’Umwagazi w’intama.