23 Baca batangura kubazanya hagati muri bo uwokwubahuka gukora ivyo.
23 Batangura kubazanya, ngo ni nde muri bo agira akore ico kintu.
Abigishwa biwe baca barababara cane, umwe wese akavuga ati: “Mwami, nibaza ko atari jewe!”
Abigishwa baca barababara, umwe wese aramubaza ati: “Yoba ari jewe?”
Umwana w’Umuntu azopfa nk’uko vyanditswe, ariko aragowe uwo muntu amugurishije.”
Maze haduka impari hagati yabo, bagomba kumenya umukuru muri bo.