14 Isaha ishitse, Yesu n’intumwa ziwe baca baricara, barafungura.
14 Igihe gishitse, aricara ngw arye, kand’ intumwa na zo zicarana na we.
Ku mugoroba, Yesu yicarana ku meza n’abigishwa biwe cumi na babiri.
Hageze ku mugoroba, Yesu aca arashika ari kumwe n’abigishwa biwe cumi na babiri.
Intumwa zigarutse zikoranira aho Yesu ari, zimwiganira ivyo zakoze n’ivyo zigishije.
Nuko baragenda basanga bimeze nk’uko yabibabwiye, maze bategura ivyokurya vya Pasika.
Yesu arababwira ati: “Nari naripfuje cane gusangira namwe iyi Pasika imbere y’uko mbabazwa.