Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 21:36 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 21:36
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako.


Mutahure ibi: Iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizira ko, yoteramye ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe.


Ni co gituma namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.


Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.


Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke.”


Yesu aramwishura ati: “Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya.”


Nuko rero mwame mugavye, muterame, kuko mutazi aho ico gihe kizoshikira.


Ibi ndabibwiye mwebwe, ndabibwira n’abandi bose: ‘Nimube maso!’ ”


Wa mumarayika aramwishura ati: “Ndi Gaburiyeli, kandi nama mpagaze imbere y’Imana. Ni yo yandungitse kukubwira iyi nkuru nziza.


Yesu aca abacira umugani, kugira ngo abereke ko bakwiye kwama basenga, ntibadendebukirwe.


Ariko abazoba babereye gushika muri ya si izoza no mw’izuka ry’abapfuye ntibazorongora canke ngo barongorwe.


kuko uko ari ko uzoshika ku bari kw’isi bose.


We n’umuryango wiwe bari bariyeguriye kwubaha Imana. Yaratanga ivyiwe abifashisha aboro, kandi agasenga cane yamizako.


Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.


Turazi ko Imana yazuye Yesu mu bapfuye izotuzurana na we, itwerekane hamwe namwe imbere yiwe.


Mushishikarire gusenga, mube maso kandi mushima.


Ariko wewe, wame uri maso muri vyose, wihanganire ibikubabaza, ukore igikorwa c’umuvuzi w’Ubutumwa Bwiza, ushitse ku musozo ibango Imana yaguhaye.


Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.


Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.


Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.


Imana irashoboye kubazigama ngo ntimurwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.


Ivyo vyabona bibiri ni vyo biti bibiri vya elayo na vya biterekwako amatara bibiri bihagaze imbere y’Umwami Imana nyene isi yose.


kuko umusi uhambaye w’uburake bwabo urashitse, kandi nta wushobora kuwuhangara.”


Inyuma y’ivyo nca mbona isinzi ry’abantu batoharurika, bavuye mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose, bahagaze imbere ya ya ntebe y’inganji n’imbere ya wa Mwagazi. Bari bambaye amakanzu yera, bafise n’amashami y’ibigazi mu minwe.


Nca mbona ba bamarayika indwi bahagaze imbere y’Imana bahawe inzamba indwi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ