Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 21:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Nimwashobora kwihangana muzorokora ubugingo bwanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubugingo bganyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 21:19
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muzokwankwa n’abantu bose babampora. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira.


Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azorokoka.


Ariko hari n’abandi bameze nk’ivu ryiza. Abo ni abakirana ijambo ry’Imana umutima mwiza utagira uburyarya, kandi bakarigumya; maze kubera ukwihangana, bakama ivyamwa vyinshi.


Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira ngo bitwigishe. Bidushoboza kwihangana, bikadutera n’intege kugira ngo dushobore kwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye.


Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo.


Ikigeretseko, n’iyo duciye mu mibabaro, turanezerwa kuko tuzi yuko ivyo bituma tumenyerezwa kwihangana.


Ukwihangana na kwo gutuma tugumana ubwizigirwa no mu bihe bigoye; ivyo na vyo bikadutera kugumana ivyizigiro.


Ariko ko twiteze ivyo tutarabona, dutegerezwa kubirindira twihanganye.


Iyo tubasengera ku Mana ari yo Data, twama twibuka ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, ibikorwa vyanyu bisunitswe n’urukundo, hamwe rero n’ukwihangana kuva mu vyizigiro mufise mu Mwami wacu Yesu Kristo.


Umwami arongorere imitima yanyu mu rukundo rw’Imana no mu kwihangana kuva kuri Kristo.


Mukwiye kwihangana kugira ngo nimwamara gukora ivyo Imana ishaka muze muhabwe ivyasezeranywe.


Ico twipfuza n’uko mubandanya mwerekana uwo mwete gushika kw’iherezo, kugira ngo ivyo mwiteze mudakekeranya bize bishike.


Nuko Aburahamu arindira yihanganye, maze yakira ivyo Imana yari yaramusezeraniye.


kuko muzi neza ko iyo ukwizera kwanyu kugeragejwe bituma ukwihangana kwanyu na kwo gukura.


Ukwihangana kumaze gukura, guca guheraheza igikorwa cakwo kugira ngo mubeho muri abantu bakuze kandi mukwije vyose, ata co muhajije.


ku bumenyi mwongereko ukwirinda; ku kwirinda mwongereko ugushishikara; ku gushishikara mwongereko kwubaha Imana;


Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


“Uwagenewe kujanwa nk’inyagano, azojanwa nk’inyagano. Uwagenewe kwicishwa inkota azokwicwa n’inkota.” Ibi bisigura ko abera b’Imana bategerezwa kwihangana cane bakagumana ukwizera.


Ni co gituma abera b’Imana, bubaha amabwirizwa yayo bakaguma mu kwizera Yesu, bakwiye kwihangana cane.


Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ