40 Ntibabaye bacubahuka kumubaza ikibazo na kimwe.
40 Ntibāba bacubahuka kumubaza irindi jambo.
Nta n’umwe yashoboye gukura ururimi mu kanwa ngo amwishure, kandi kuva uwo musi, nta n’uwongeye kwubahuka kumubaza ikibazo.
Yesu abonye ko yishuranye ubwenge, aramubwira ati: “Nturi kure y’Ubwami bw’Imana.” Inyuma y’ivyo nta muntu yasubiye kwubahuka kumubaza ibibazo.
Na ho nyene ntibashobora kuronka ico bamwishura.
Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe barishura bati: “Uvuze neza, Mwigisha.”