Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 20:35 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Ariko abazoba babereye gushika muri ya si izoza no mw’izuka ry’abapfuye ntibazorongora canke ngo barongorwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 arikw abemerewe gushika muri ya si yindi no kuzuka mu bapfuye ntibarongora kandi ntibashingirwa;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 20:35
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese atuka Umwana w’Umuntu, azobiharirwa; ariko uwutuka Mpwemu Yera ntazobiharirwa, haba muri kino gihe canke mu gihe kizoza.


Yesu arabishura ati: “Mwarazimiye kuko mudatahura ico Ivyanditswe vyera bivuga, ntimumenye n’ubushobozi bw’Imana.


Yesu aca arabahamagara bose ababwira ati: “Murazi ko abatware b’Abanyamahanga babatwaza umukazo, kandi ko ababaganza babacinyiza.


Yesu arabishura ati: “Mwarazimiye kuko mudatahura ico Ivyanditswe Vyera bivuga, ntimumenye n’ubushobozi bw’Imana.


Maze shebuja ashima amayeri uwo munyabigega asesagura yakoresheje. Ni ko n’abana b’iyi si bazi ubwenge bwo kwitunganiriza ivy’ubuzima kurusha abana b’umuco.


Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”


hanyuma bazuke. Abakoze ivyiza, bazozukira ubugingo, abakoze ibibi na bo bazukire gutsindwa n’urubanza.


Mfise ivyizigiro mu Mana, co kimwe n’aba bantu, ko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abanyakibi.


Izo ntumwa zica ziva imbere y’Inama Nkuru y’abarongoye ubwo bwoko zinezerewe, kuko Imana yari yabonye ko bibabereye kubabazwa bahorwa izina rya Kristo.


Ivyo vyose ni ivyerekana ko urubanza rw’Imana rubereye, kandi icamwa c’ivyo ni uko muzoharurwa nk’ababereye Ubwami bw’Imana, ubwo muriko murababarizwa.


Abagore bazuriwe ababo bakuwe mu rupfu. Ariko hari n’abishwe bahohotewe kuko banse kwihakana Imana ngo barekurwe. Bashaka kuzukira ubuzima burusha ubu kuba bwiza.


Ariko uracafise abantu bakeya i Sarudi batanduje impuzu zabo. Abo bazogendana nanje bambaye imyambaro yera kuko birababereye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ