12 Arungika n’uwa gatatu; we baramukomeretsa, bamuterera inyuma y’uruzabibu.
12 Atuma n’uwa gatatu; uwo na we baramukomeretsa, baramuhinda.
Abaza uwa kabiri na we ati: ‘Databuja umuheraniye ibingana gute?’ Na we yishura ati: ‘Imifuko ijana y’ingano.’ Aca amubwira ati: ‘Akira urupapuro wandike mirongo umunani.’
Hanyuma arungika uwundi mukozi, na we nyene baramutuka, baramukubita, bamurungika iminwe misa.
Nyene uruzabibu aribaza ati: ‘Mbega yemwe ngire gute? Reka ndungike umuhungu wanje nkunda cane, kumbure wewe bazomusonera.’