47 Abamwumva bose baratangazwa n’ubwenge bwiwe hamwe n’inyishu ziwe.
47 Abamwumvise bose batangazwa n’ubgenge bgiwe n’ivy’ abishura.
Ashitse mu gisagara yakuriyemwo, atangura kwigishiriza abantu mw’isinagogi yabo. Abamwumviriza bose baratangara, babazanya bati: “Mbega ubu bwenge n’ubu bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he?
Abantu bumvise ivyo baca batangazwa n’inyigisho ziwe.
Yesu amaze kuvuga ivyo, abantu batangazwa n’inyigisho ziwe;
Abamwumviriza batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe.
Abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyanditswe bavyumvise baca batangura kurondera ingene bomwica. Ariko baramutinya kuko abantu bakunda cane inyigisho ziwe.
Umusi w’Isabato ushitse, atangura kwigisha mw’isinagogi; benshi bamwumvirije baratangara cane. Barabazanya bati: “Mbega ivyo yigisha yabikuye he? Ubu bwenge n’ubu bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he?
kandi abavyumva bose vyarabatangaza cane.
Haheze imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaranye n’abigisha b’ivyagezwe, abumviriza yongera ababaza ibibazo.
Bose baramushima, batangazwa n’amajambo arimwo ubuntu bw’Imana yava mu kanwa kiwe, babazanya bati: “Mbega uwu si wa muhungu wa Yosefu?”
maze abantu batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko zarimwo ububasha.
Abayuda bamwumvise baratangara, barabaza bati: “Uwo mugabo azi vyinshi cane kandi atize. Ivyo bishoboka gute?”
Ba barinzi barabishura bati: “Nta muntu yigeze kuvuga nk’uko uwu mugabo avuga!”