Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 2:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Arongowe na Mpwemu Yera, yinjira mu rusengero. Yosefu na Mariya bazanye Yesu mu rusengero kugira ngo bashitse ivyo ivyagezwe vyategekanya kuri we,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Ajanwa na Mpwemu mu rusengero; abavyeyi bajanye uwo mwana Yesu ngo bamugenze nk’uk’ umugenzo w’ivyagezwe war’ uri,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 2:27
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma Yesu aca ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa kugira ngo ageragezwe na Satani.


Igihe c’imigenzo yo guhumanurwa kigeze, nk’uko Ivyagezwe vya Mose vyabitegekanya, Yosefu na Mariya badugana Yesu i Yerusalemu kumushikanira Umwami Imana.


Simeyoni aramwakira, amukikira mu maboko yiwe, ashima Imana ati:


Uko umwaka utashe, abavyeyi ba Yesu bama baja i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika.


Abavyeyi biwe bamubonye baratangara cane. Nyina aramubaza ati: “Mwana wanje, ibi watugiriye ni ibiki? Twe na so tumaze imisi duhagaritse imitima cane tukurondera.”


Nuko basubirana na we i Nazareti, kandi yama abumvira. Nuko nyina abika ivyo vyose mu mutima wiwe.


Hanyuma Yesu, yuzuye Mpwemu Yera, ava ku ruzi Yorodani ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa,


Petero akiriko ariyumvira kuri bimwe yerekwa, Mpwemu Yera aramubwira ati: “Simoni, hari abantu batatu bariko barakurondera.


Mpwemu Yera ambarira ko nojana na bo ntakekeranije. Aba bene Data batandatu baramperekeje i Kayisariya, maze twese twinjira kwa Koruneliyo,


Bashikiriye urubibe rwa Musiya, bagerageza kwinjira i Bituniya, ariko naho nyene Mpwemu wa Yesu ntiyabemerera.


Mpwemu w’Imana abwira Filipo ati: “Egera uriya mukogote, uwugendere i ruhande.”


Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,


Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,


Wa mumarayika aca antwara mu bugaragwa muri Mpwemu. Nca mbona umugore agendera ku gikoko gitukura, gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, cuzuyeko n’amajambo yo gutuka Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ