Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 2:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Kandi yari yarahishuriwe na Mpwemu Yera ko atazopfa atabonye Kristo w’Umwami Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Yari yarabgiwe na Mpwemu Yera yukw atazopfa, atarabona Kristo w’Umwami Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 2:26
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma, Imana imaze kubamenyesha mu nzozi ngo ntibasubire kwa Herode, baca bisubirira iwabo bajanye iyindi nzira.


“Ubu rero, Mwami Imana, nk’uko wansezeraniye, urasezeye umusavyi wawe amahoro.


Ndababwire ukuri, bamwe mu bo turi kumwe hano ntibazopfa batabonye Ubwami bw’Imana.”


Nuko Andereya aca aja kurondera mwene nyina Simoni, amubwira ati: “Twabonye Mesiya” (bisigura Kristo).


Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.


“Nimuze murabe umuntu yambwiye ivyo nakoze vyose. Ashobora kuba ari we Kristo.”


Ndababwire ukuri, umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa.”


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


abasigurira yongera abereka ko Kristo yategerezwa kubabazwa no kuzuka mu bapfuye. Akababwira ati: “Uwu Yesu ndiko ndababwira, ni we Kristo.”


Nuko rero Abisirayeli nibamenye ukuri badakekeranya ko uwo Yesu, uwo mwebwe mwabamvye, Imana yamugize Umwami na Kristo.”


Maze atangura kwigisha mu masinagogi ko Yesu ari Umwana w’Imana.


Ukwizera ni kwo kwatumye Enoki ajanwa mw’ijuru atabanje gupfa. Yarazimanganye abantu baramubura, kuko Imana yamujanye. Imbere yo kujanwa, yari azwi nk’umuntu ahimbara Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ