Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 2:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 “Icubahiro kibe ic’Imana mw’ijuru riri hejuru y’ayandi, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu bayihimbara.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 2:14
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze abantu bariko bagendera imbere ya Yesu, bagenda barasemerera bati: “Hozana Mwana wa Dawidi!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hozana hejuru mw’ijuru!”


kugira ngo uboneshereze abari mu mwijima n’abari mu gitutu c’urupfu, wongere urongorere intambuko zacu mu nzira y’amahoro.”


“Hahezagirwe umwami aje mw’izina ry’Uhoraho!” “Amahoro abe mw’ijuru, n’icubahiro hejuru mw’ijuru!”


Ubwo nyene haca haboneka ingabo nyinshi cane zo mw’ijuru zifatanya n’uwo mumarayika, zihimbaza Imana ziti:


Abo bamarayika bamaze gusubira mw’ijuru, ba bungere baca baravugana bati: “Nimuze tugende i Betelehemu kuraba ivyabaye, ivyo Umwami Imana atubwiye.”


Mpwemu Yera amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma. Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri umwana wanje nkunda kandi urampimbara.”


Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. None rero ntimuhagarike imitima canke ngo mugire ubwoba.


Naguhesheje icubahiro hano kw’isi mu kurangiza igikorwa wampaye.


Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntaranduke, ariko aronke ubugingo budashira.


Murazi ijambo Imana yarungikiye Abisirayeli, ryavuga Inkuru Nziza y’amahoro abonerwa muri Yesu Kristo, ari we Mwami wa bose.


Kuva twemewe nk’abagororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera, dufitaniye amahoro na yo kubera igikorwa Yesu Kristo Umwami wacu yadukoreye.


Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda.


Imana yaduhaye kumenya ibanga ry’umugambi wayo, uwo yari yarateguye gushira mu ngiro, mu kugira neza kwayo, ibicishije muri Kristo.


Ariko kubera urukundo rwinshi Imana, yo mutunzi w’imbabazi, yadukunze,


kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane ubutunzi bwinshi butogereranywa bw’ubuntu bwayo, ubwo yatweretse biciye mu buntu yatugiriye muri Kristo Yesu.


kandi indimi zose zize zature ko Yesu Kristo ari Umwami, kugira ngo biheshe Imana Data icubahiro.


kuko Imana ari yo ikorera muri mwebwe, ikabaha ugushaka no gukora ivyo igomba.


kandi biciye muri we yiyujuje n’ibintu vyose, vyaba ibiri kw’isi canke ibiri mw’ijuru; izanishije amahoro amaraso yiwe, ayo yaviriye ku musaraba.


Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, n’Imana Data wa twese yadukunze, kandi hamwe n’ubuntu bwayo baduhe ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza,


Hanyuma nca numva amajwi y’ivyaremwe vyose, ivyo mw’ijuru, ivyo kw’isi, ivy’i kuzimu, ivyo mu biyaga n’ibibibamwo, biririmba biti: “Guhimbazwa n’icubahiro, ubwiza n’ububasha, ni ivy’uwicaye ku ntebe y’inganji n’Umwagazi w’intama yishwe, ibihe vyose!”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ