Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 19:38 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

38 “Hahezagirwe umwami aje mw’izina ry’Uhoraho!” “Amahoro abe mw’ijuru, n’icubahiro hejuru mw’ijuru!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 bati Hashemezwe Umwami, aje mw izina ry’Uhoraho, Amahoro abe mw ijuru, Icubahiro kibe ahasumba ijuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 19:38
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Barabaza bati: “Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Twabonye inyenyeri yiwe mu buseruko none tuzanywe no kumusenga.”


Maze abantu bariko bagendera imbere ya Yesu, bagenda barasemerera bati: “Hozana Mwana wa Dawidi!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hozana hejuru mw’ijuru!”


Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.


Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’


None raba inzu yanyu igiye kuba akahebwe. Ndababwira ukuri ko mutazosubira kumbona kugeza aho muzovugira muti: ‘Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho.’”


Kuva twemewe nk’abagororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera, dufitaniye amahoro na yo kubera igikorwa Yesu Kristo Umwami wacu yadukoreye.


Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, yari uko twebwe Abayuda, kuko ari twebwe twabaye aba mbere mu gushira ivyizigiro vyacu muri Kristo, duhesha Imana icubahiro.


Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda.


Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, kwari ukugira ngo ubu, biciye mw’ishengero, abatware n’abafise ububasha b’ahantu ho mw’ijuru bamenye ubwenge butagira urugero bw’Imana.


icubahiro kibe icayo mw’ishengero no muri Kristo Yesu uhereye ibihe vyose, kugeza ibihe bidashira! Amen.


kandi biciye muri we yiyujuje n’ibintu vyose, vyaba ibiri kw’isi canke ibiri mw’ijuru; izanishije amahoro amaraso yiwe, ayo yaviriye ku musaraba.


Icubahiro n’ubwiza bibe ivy’Umwami ahoraho, adapfa, ata boneka, we Mana imwe yonyene, ibihe bidashira. Amen.


Imana yabahishuriye ko ivyo bavugishwa bitari biberekeye, ahubwo ko vyari vyerekeye mwebwe. Ubwo butumwa namwe mwarabubwiwe n’ababuvuga basunitswe na Mpwemu Yera yarungitswe avuye mw’ijuru. Ivyo ni igitangaza kuko n’abamarayika baripfuza kubibona bishika.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ