35 Baca bayizanira Yesu, bayisasako impuzu zabo, bayimwicarikako.
35 Bayizanira Yesu, bayishirakw impuzu zabo, bayiterekako Yesu.
Ivyo vyabaye kugira ngo ijambo ry’uwavugishwa n’Imana rishike; ryavuga ngo:
Bazana ya ndogoba n’inyana yayo, bazisasako impuzu zabo, hanyuma Yesu yicara kuri ya nyana.
Baca bishura bati: “Umwami arayikeneye.”
Kandi aho yaca hose, abantu baca basasa impuzu zabo mu nzira.
Ku musi ukurikira, abantu benshi bari baje mu misi mikuru ya Pasika bumva ko Yesu ari mu nzira aja i Yerusalemu.
Nuko Yesu afata indogoba ayicarako, gutyo aba ashikije Ivyanditswe bivuga ngo: