Mu kumwishura ico kibazo, Yesu amubwira ati: “Habaye umugabo w’Umuyuda yariko aramanuka ava i Yerusalemu aja i Yeriko, hanyuma agwa mu maboko y’abambuzi. Bamwambura ivyo yari afise vyose, baramukubita, bamusiga ari hafi gupfa.
Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.
Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha.