19 Shebuja aramwishura ati: ‘Ndaguhaye kurongora ibisagara bitanu.’
19 Uwo na we aramubarira, ati Nawe twara ibisagara bitanu.
Uwa kabiri araza avuga ati: ‘Databuja, mina yawe yungutse izindi zitanu.’
Ariko uwundi mukozi araza abwira shebuja ati: ‘Databuja, akira mina yawe; nayibitse mu gitambara ndayinyegeza kure.
None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwihebere ibikorwa vy’Umwami kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.
Uwubiba n’uwuvomera bompi bafise intumbero imwe, kandi umwe wese azoherwa impera ku gikorwa yakoze,
Mwibuke bene Data: ababiba bike bimbura bike, kandi ababiba vyinshi bimbura vyinshi.
Mwirinde kugira ngo ntimutakaze ico twakoreye, ahubwo mushishikare kugira ngo muze muhabwe impembo ikwiye.