1 Nuko Yesu yinjira mu gisagara ca Yeriko, ahaca arengana.
1 Ashika i Yeriko, arikw arahaca.
Nuko Yesu n’abigishwa biwe bashika i Yeriko, hanyuma bava muri ico gisagara bari kumwe n’isinzi ry’abantu. I ruhande y’inzira hari impumyi yitwa Barutimayo, mwene Timayo, yari yicaye asegerereza.
Yesu agira ashike i Yeriko, hari impumyi yari yicaye ku nzira isegerereza.
Muri ico gisagara hari umuntu yitwa Zakayo, yari umutozakori mukuru, kandi yari atunze cane.