37 Na bo bayibwira bati: “Ni Yesu w’i Nazareti ariko ararengana.”
37 Barayibgira, bati Ni Yesu Umunyanazareti ahita.
baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”
Yumvise abantu benshi bariko bararengana, ibaza ibiriko biraba.
Aca arasemerera ati: “Yesu, Mwana wa Dawidi, ngirira impuhwe!”
Nuko basubirana na we i Nazareti, kandi yama abumvira. Nuko nyina abika ivyo vyose mu mutima wiwe.
Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”
Maze Pilato ategeka ko bandika icandiko bakakimanika ku musaraba. Ico candiko cavuga ngo: yesu w’i nazareti, umwami w’abayuda.
Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi.
Nuko rero nimumenye neza ibi, mwebwe hamwe n’ubwoko bwose bwa Isirayeli: uwu muntu ahagaze imbere yanyu yakize mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, uwo mwabamvye, ariko Imana ikamuzura mu bapfuye.
Kuko Imana ivuga iti: “Igihe gikwiye kigeze narakwumvise, no ku musi wo gukirizwako naragutabaye.” Ndababwiye ko iki ari co gihe co kwemererwamwo, uwu ni wo musi wo gukirizwako.