Luka 18:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe14 Ndababwire ukuri, uwo mutozakori yatashe yemewe nk’umugororotsi imbere y’Imana, ariko kuri wa Mufarisayo si ko vyagenze. Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.” အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)14 Ndababgire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuk’ uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ariko ico tuzi ni uko umuntu atemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vy’ivyagezwe, ahubwo abihabwa no kwizera Kristo Yesu. Natwe nyene twizeye Kristo gutyo turonka kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi kubera kumwizera, atari kubera gukurikiza ivyagezwe, kuko ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera gukurikiza ivyagezwe.