Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 17:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ikimukwiye ni uko yoboherwa ibuye rinini kw’izosi, agatererwa mu kiyaga, hako atuma hagira n’umwe muri aba bato acumura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ivyoba vyiza n’uko yohambīrirwa urusyo ruremereye kw izosi, agatererwa mu kiyaga, hakw atsitaza n’umwe mur’ aba bato.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 17:2
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange.”


Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [


Uko ni ko na So wo mw’ijuru atagomba ko hagira n’umwe muri barya bato azimira.


Umwana w’Umuntu agiye gupfa nk’uko Ivyanditswe bivuga. Ariko aragowe uwo muntu amugurishije! Vyari kumubera vyiza iyo atavuka!”


Nihagira umuntu atuma umwe muri aba bato banyizera acumura, ikimukwiye ni uko yoboherwa urusyo kw’izosi, agatererwa mu kiyaga.


Bahejeje gufungura, Yesu abwira Simoni Petero ati: “Simoni mwene Yohana, urankunda kurusha aba?” Petero aramwishura ati: “Egome, Mwami, urazi ko ndagukunda.” Yesu na we ati: “Gaburira imyagazi y’intama zanje.”


Ariko sinigeze ngwanira na kimwe muri ibi nari nemerewe, kandi sindabandikiye iri kete kugira ngo mutangure kumpa ibimbeshaho. Nopfuma mpfa hako ntakaza ibi vyirato vyo kuvuga ubutumwa ata we ndemereye.


Ku banyantegenke nigize umunyantege nke kugira ngo nzane abanyantegenke kuri Kristo. Nabaye vyose kuri bose kugira nkore ibishoboka vyose kugira ngo hagire bamwe muri bo bakizwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ