13 Barasemerera bati: “Yesu, Mwigisha, tugirire impuhwe!”
13 baratabaza cane, bati Yesu, Mwigisha, tugirire imbabazi.
Umunyakananikazi wo muri iyo ntara, aza aho ari atakamba ati: “Mwami, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi! Umukobwa wanje aboshwe n’umudayimoni kandi aramubabaje cane!”
Yesu avuye aho, impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera, ziti: “Tugirire imbabazi Mwana wa Dawidi!”
Kenshi iyo mpwemu iramuta mu muriro canke mu mazi, ikagerageza kumwica. Nimba woshobora kugira ico ukoze, utugirire impuhwe udufashe.”
Ababonye, arababwira ati: “Nimugende, mwiyereke abaherezi.” Bakiri mu nzira bagenda, baca barakira imibembe, barahumanuka.
Simoni aramwishura ati: “Mwigisha, twakoze ijoro ryose turaruha, ariko ntitwaronka ifi n’imwe. Yamara ko ubivuze, reka nterere insenga.”