Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 16:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Ndafise abo tuvukana batanu, nshaka ko agenda kubaburira kugira ngo na bo ntibaze baze hano hantu ho kubabarizwa.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 kuko mfise bene mama batanu; ababgire uko bimeze, ngo na bo ntibaze baze hano hantu ho kubabarizwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 16:28
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Wa mutunzi arishura ati: ‘Ndakwinginze data Aburahamu, rungika Lazaro agende mu muryango kwa data.


Kandi yadutuma kwigisha abantu no gushinga intahe ko ari we Imana yashiriyeho kuba umucamanza w’abazima n’abapfuye.


Silasi na Timoteyo bashitse i Korinto bavuye i Makedoniya, Pawulo aca ahebera umwanya wiwe wose igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza, ashingira intahe Abayuda ko Yesu ari we Kristo.


Petero aca abandanya ababwira ayandi majambo menshi yo kubinginga no kubahanura, avuga ati: “Nimuhunge uru runganwe rw’inkozi z’ibibi.”


Nigishije Abayuda n’Abagiriki ko bakwiye kwihana bagahindukirira Imana mu kwizera Umwami Yesu.


Ico nzi gusa ni uko, mu bisagara vyose ncamwo, Mpwemu Yera aguma amburira ko umunyororo n’amakuba bindindiriye.


Ariko mbona ko ubuzima bwanje ata co bwoba bumaze hamwe ntorangiza urugendo, ngansozera igikorwa Umwami Yesu yanshinze co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.


Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”


Ariko Imana yagumye indinda gushika uwu musi. None mpagaze ngaha nshingira intahe abakuru n’abato. Nta co ndiko ndavuga kirengeye ivyo abavugishwa n’Imana na Mose bavuze ko bizoshika,


Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.


Bamaze gushinga intahe no kuvuga Ijambo ry’Umwami Imana, Petero na Yohana baca basubira i Yerusalemu, bagenda baravuga Ubutumwa Bwiza mu mihana myinshi y’i Samariya.


Ndongeye kandi ndabibabwiye. Nimba mugomba gukebwa kugira ngo mwemerwe n’Imana, mutegerezwa kwitondera no gukurikiza ivyagezwe vya Mose vyose ata na kimwe kivuyemwo.


Nuko ndababwira ibi kandi ndabihanikiriza mw’izina ry’Umwami: ntimukwiye kuguma mubaho nk’uko Abanyamahanga babaho, mu gukurikiza ivyiyumviro vyabo bitagira ikimazi.


Murazi ingene twafata umwe umwe wese muri mwebwe nk’uko umuvyeyi afata abana biwe.


Kandi muri ivyo vyose, ntihakagire uwugirira nabi mwene Se canke ngo amugunge, kuko Umwami azohana ivyaha nk’ivyo vyose nk’uko twari tumaze kubibabwira no kubibaburirako.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ