Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 16:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ariko arababarizwa i kuzimu, yunamura amaso abona Aburahamu ari kure cane, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ar’i kuzimu, ararangamiza, ababazwa cane, abona Aburahamu ari kure, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 16:23
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na we Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa gushika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kuko ibitangaza vyakorewe muri wewe iyo biba vyabereye i Sodomu, haba harazigamwe kugeza n’uwu musi.


Kandi nimba ijisho ryawe rituma ukora icaha, rinogore urite kure yawe, kuko vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ijisho rimwe hako utererwa mu muriro wa Gehinomu ufise amaso yompi.


Mwa nzoka mwe, ruvyaro rw’imvuvyi! Mwibaza ko muzokira mute urubanza rwa Gehinomu?


ariko jeho ndababwira ko umuntu wese ashavurira mwenewabo aba akwiye gucirwa urubanza kandi uwubwiye umuvukanyi ngo: Wa mburabwenge we, aba akwiye guhanwa n’abacamanza. Kandi uwubwiye umuntu ngo: Wa musazi we aba akwiye gutererwa mu muriro wa Gehinomu.


Ijisho ryawe ry’i buryo niryatuma wipfuza, ukagwa mu caha, urikureyo urite kure yawe, kuko vyokubera vyiza kubura igihimba kimwe c’umubiri wawe hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu.


Bamubonye, abo badayimoni baca barasemerera bati: “Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kutubabaza kandi igihe cacu kitaragera?”


Wa mutunzi arasemerera ati: ‘Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.’


Ndafise abo tuvukana batanu, nshaka ko agenda kubaburira kugira ngo na bo ntibaze baze hano hantu ho kubabarizwa.’


Abonye Yesu, aca akoma induru, yikubita ku birenge vyiwe, asemerera n’ijwi rirenga ati: “Undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze ntuntoteze!”


“Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri he?”


Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza.


Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ