Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 15:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 kuko umwana wanje yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ Nuko baca batangura kugira umusi mukuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 kuk’ uyu mwana wanje yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse. Nuko batangura kunezerwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 15:24
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu aramwishura ati: “Nkurikira, reka abapfuye mu buryo bw’impwemu bahambe abapfuye babo.”


Bashitse i Betesayida, bamuzanira impumyi baramwinginga ngo ayikoreko, ayikize.


Ehe ndabahaye ububasha bwose bwo kunesha umwansi: muzohonyora inzoka na sikoropiyo muzimene imitwe, kandi nta na kimwe kizogira ico kibagira.


Hanyuma muzane n’impfizi ivyibushe muyibage, turye, tunezerwe,


Igihe ivyo vyaba, umuhungu mukuru yari mu murima. Ariko arataha, yegereye i muhira, yumva abacuraranga n’abatamba.


Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ ”


“Hamwe muri mwebwe hoba hari uwufise intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, ntiyosiga izo mirongo icenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyo yazimiye gushika ayitoye?


Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”


Yesu aramubwira ati: “Reka abapfuye bahambe abapfuye babo, ariko wewe genda uvuge ivy’Ubwami bw’Imana.”


Yesu aramubwira ati: “Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho.


Kuko nk’uko Data azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo uwo ashatse kubuha.


Kuko nimba kwigizwayo kwabo kwazaniye agakiza abo kw’isi bose, mbega kwemerwa kwabo ntikuzozana ivyiza birushirije? Bizomera nko gusubiza ubuzima abari barapfuye!


Abanezerewe, munezeranwe na bo, abarira murirane na bo.


None rero, namwe nimufate ko mwapfuye, ko icaha kitakibafiseko ubushobozi, kandi ko muriho muri ab’Imana muri Kristo Yesu.


Ntihakagire urugingo na rumwe rw’umubiri wanyu ruheberwa icaha, ngo rube igikoresho c’ibibi. Ahubwo, mwihe Imana rwose, nk’abazutse bavuye mu bapfuye. Imibiri yanyu muyihindure ibikoresho vyo kugororoka ku bw’icubahiro c’Imana.


Kuko icagezwe ca Mpwemu atanga ubugingo carambohoye biciye muri Kristo Yesu, kinkurako icagezwe c’icaha n’ic’urupfu.


Iyo hagize igihimba kimwe kigwara, ibindi vyose bigwarana na co. Kandi iyo igihimba kimwe cubashwe, ibindi vyose binezeranwa na co.


Kera mwari mwarapfuye, mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu,


yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ivyaha vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.


Ni co gituma bivugwa ngo: “Ikangure, wewe usinziriye, vyuka uve mu bapfuye, maze Kristo arakumurikira.”


Igihe mwari mugipfuye mwishwe n’ivyaha vyanyu hamwe no kudakebwa kwa kamere kanyu k’icaha, Imana yabahinduye bazima muri Kristo. Yaduhariye ivyaha vyacu vyose,


Ariko umupfakazi abayeho yinezereza gusa aba yarapfuye naho yoba ari muzima.


Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi uti: Uwufise mu biganza impwemu indwi z’Imana n’inyenyeri indwi aravuga ati: Ndazi ibikorwa vyawe. Abantu benshi bazi ko uri muzima kandi warapfuye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ