Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 15:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Haciye imisi mike wa muhungu muto yegeranya ubutunzi bwiwe, aja mu gihugu ca kure, yononera rya tunga ryiwe mu buhumbu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Imisi mike ishize, umuhererezi akoranya ibintu vyiwe vyose, aragenda, aja mu kindi gihugu ca kure; ashitseyo yayisha ibintu vyiwe ubuhumbu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 15:13
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umusi umwe, umuhungu muto aritora abarira se ati: ‘Data, mpa umugabane w’ubutunzi norazwe.’ Nuko se abagaburira ubutunzi bwiwe.


Amaze gusesagura bwa butunzi bwose, haca hatera amapfa muri ico gihugu, maze wa muhungu arakena.


Ariko raba uwu muhungu wawe yononeye itunga ryose mu bamaraya, aragarutse uca umubagira impfizi ivyibushe!’


Inyuma y’aho Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Habaye umutunzi yari afise umunyabigega asesagura.


Habaye umutunzi yama yambaye mpuzu nziza z’igiciro kinini, kandi mu buzima bwiwe bwa misi yose yibera mu misi mikuru.


Ariko ubu, mumaze kuba muri Kristo Yesu, mwebwe abari kure y’Imana kera mwigijwe hafi yayo biciye mu maraso ya Kristo.


Yaraje ababwira inkuru nziza y’amahoro mwebwe abanyamahanga mwari kure, abwira amahoro n’Abayuda bari hafi.


Bazosubirizwa mu nkoko ibibi bakoze. Birabanezera gukora ibiteye isoni ku murango. Iyo musangira na bo mu gihe c’imisi mikuru, ni agatetereza n’agasembwa muri mwebwe, kandi banezerererwa ubwo bubeshi bwabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ